Umuhungu yateye inda nyina barikundanira ubu bakaba bakoze Ubukwe

Mbega ya nkuru y'umuhungu yatera inda nyina mbere bakaguma bikundanira ndetse bipfuza no kwubakana murayibuka
Haraciye umwaka urenga habaye inkuru  iyo mu gihugu ca Zimbabwe, aho ku mbuga ngurukanabumenyi havugavuzwe umuhungu yemanga ko yateye inda nyina amuvyara kandi bakaba bamaze no kwubakana.

Nk'uko ikinyamakuru Daily Express cabishikirije aba babiri baremeza ko bakundana cane, mbere bakaba bari bageze no ku rundi rwego rwo kwubakana.

Betty Mbereko niryo zina ry'uyu mugore yubakanye n'umuhungu wiwe, uyu akaba yari afise imyaka 40 akaba ava i Mwenezi mu karere ka Masvingo.

Iyi nkuru yakwiragiye hose Betty Mbereko amaze gutwara inda y'umuhungu wiwe ikaba yari imaze amezi atandatu kandi vy'ukuri yayitewe n'umuhungu wiwe Farai w'imyaka 23, ikinyamakuru Modern Ghana kikaba camenyesheje ko uyu mwana yari no mukuvuka.Iki kinyamakuru cavuga ko uyu mwana azovuka azoca aba umuhungu wiwe yongere abe n'umwuzukuru wiwe.
Betty yari amaze imyaka 12 ari umupfakazi, akaba yaremehe ko afise inda y'umuhungu wiwe yivyariye akaba mbere yaguma asigura icatumye yemera kwibanira n'umuhungu wiwe aho avuga ko atashaka gutwarwa n'abagabo bavukana n'umugabo wiwe abo avuga ko bamurondera.

Betty yasiguye kandi ko inyuma y'imyaka myinshi aca kubiti ku mabuye kugira arihire amashure umwana wiwe Farai, hageze ko yikura akuya, maze gutyo akumva nawe akunguko k'igikora kivuna yakoze.

Betty yavugiye mu ntahe yo kumugina(village court council) ati: 

"Raba, narirutse jenyene kugira umuhungu wanje yige kandi nta n'umwe yamfashije. Ubu rero mubonye umuhungu wanje afise akazi muca munyagiriza ko nakoze ikintu kidakorwa. Nimundeke nezerererwe ivyamwa bivuye mu kuya nabize."

Umuhungu wiwe Farai nawe nyene yaravugiye urukundo rwabo akavuga ko yiteguye mbere no kumukwa agatanga n'inkwano se yasize ataraheza gutanga.

" Ndabizi ko dawe yapfuye imbere y'uko aheza kuriha inkwano yakoye mawe kandi nditeguriye kuziriha" ni Farai avyigana

Yabandanije asigura ati: "Ni vyiza ko dushira ahabona ibiriko biraba hagati yacu abantu bakamenya ukuri ko ari je nateye inda mawe...Nayo ubundi bohava bamwagiriza ko yakoze uburaya."

Umukuru w'akarere aba babiri bavamwo ari we Nathan Muputirwa yavuze ko ibi badashobora kuvyihanganira ku mitumba yabo akavuga ko ari umuvumo aho yongeyeko ko iyaba ari kera baca babiyicira ariko ubu bakaba batinya ko igipolisi coca kibafunga.

Betty n'umugabo wiwe akaba kandi n'umuhungu wiwe Farai bahavuye bahitishwamwo ibintu bibiri n'abashingantahe aho bababwiye ko bahitamwo gusambura canke babavireho bomoke, aba babiri bakaba baciye bahitamwo kwimuka baja kuba kure ahantu hataramenyekana.

None ga musomyi wacu mushasha kuri Nagaciro Magazine ibi bintu wumva bitayobeye? Twahoze twumva bigirwa umuziro ndetse bikaba indahiro aho umuhungu yabira nyina none ehe iyo bigeze. None nawe uvyibazako iki ibi?

Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty