Â
Mumugambi w'urwaruka mukwikorera utwabo no gukoresha Ingabire zabo kugira biteze imbere ,Franck Kelly Mugisha numwe muribo yashoboye kugera kuntambwe ishimishije biciye mumwuga wo gukinjika,kandi bimugejeje kuntambwe itarinto ,aho kenshi anaseruka no mu mahayanishwa menshi akerekana ubuhinga afise mugutegura utuntu turyoshe kandi duteguwe mubuhinga bwinshi.aranatumirwako akenshi no mumanza kugira ashobore gutegura imfungurwa,kandi bigashimwa,Kungabire yiwe n'ubumenyi yahawe akenshi ntasiba guha urundi rwaruka inyigisho zijanye nuwo mwuga kugira nabo bashobore kugira aho bishikanye mubuzima.kandi bikanamufasha kworoherwa iyo yaronse Ubuzi bwinshi kuko usanga aronse abo yigishije bashobora gutahura ukwo baza gukora ibintu bivanye ico ashaka gushikako canke gutegura.
Arasaba ko Leta n'abandi babishoboye kubashigikira bobikora kuko umwuga wabo ari ngirakamaro ngo harigihe haza ingenzi ugasanga ntizishimiye imfungarwa zatetswe kuko bo baba bamenyereye ko bitekanwa ubuhinga rero ugasanga ntibibaryoheye,rero ngo birababaje kwumva bavuga ngo muburundi ntibazi gutegura canke imfungurwa zaho ngo zirabishe ,kandi hariho abahinga batahawe amahirwe kugira babitegure neza ,arasaba ko boshigikirwa kandi ko nabandi bipfuza gufungura imfungurwa ziteguye neza,bomurondera kandiko bazoshima akabategurira urubanza neza nabashitsi ntibidoge
uwo mukenera Numero ni +257 79 149 703 canke ugaca kuri iyi Link wirabire ibikorwa vyiwe kuri FACEBOOK
https://www.facebook.com/photo/?fbid=259598623546778&set=a.244870375019603
LINK Youtube