Â
Nkuko mubibona aho kuri Affiche kino giteramo citwa JITEKEYO VIBE catunganijwe n'abarundi bari mu Gihugu ca UGANDA ,harimwo na bake bo murico gihugu ariko kikaba ahanini kigizwe n'abarundi muntumbero yo kuja hamwe no gushobora kunezerwa no kunezereza abakunzi bumuziki ndundi bari muri ico gihugu,Uwuza kwisonga ryabateguye ico giteramo akaba yitwa DR LOVEB YUDA benshi bazi kwizina rya LOVE B yahoze aririmba mumurwi wabica bigacika kuri HIP HOP kuri CENTRE JEUNNE Kamaenge,NIGGA STARS IBIREZIAbenshi baravyibuka ko wari umurwi ukomeye muri Hip Hop ngaho,ukaba wari umaze no gutwara amahiganwa menshi cane,muri HIP HOP .
Abarundi bari muri UGANDA baratumiwe cane kuja kwifatanya n'abandi no gushigikira ico ciyumviro.bagasaba ko no muburundi boza barakurikirana ibikorwa vyabo kuko bafise indirimbo nyinshi nibindi bikorwa bitandukanye ariko ino bigorana kugira babishikaneyo hama bije ahabona abarundi bishimane nabo.
Shigikira Ico giteramoÂ