Abakobwa n'abagore barara mwibarabara biyongereye kandi kubwinshi,nimpinja mumugongo


iyi foto niyo twitije abo batwayaze ntibemeye ko tubafotora

Ikibazo c'abagore n'abakobwa barara hanze,bafise abana bato bahetse carwiriye cane,ivyo bikibonekeza muma quartier nka KAMENGE ,Bwiza,na Buterere,benshi ugasanga ubabajije bakwishura ko batagira iyo baba canke barara.

nkabana babakobwa kenshi usanga batewe inda,bakaca birukanwa aho baba ,canke kuribamwe baba baramanutse baje gusaba ubuzi i Bujumbura ,bakirukanw mukazi hama bamwe bagahitamwo kuja mumabarabara abandi Kwicuruza,nkakarorero aho bita kumapave,Mu kamenge nomubwiza kwibarabara ryakane aho usanga abana babakobwa batarakwiza imyaka,15 bariko baridandaza ,kandi ugasanga ntaraba nuwo ajana nawe,benshi ugasanga barinze no kubagurira inzoga ,uganga ntiyibutse ko nuwo baryamanye yoba yakoresheje agakingirizo benshi bakisanga basamye inda batazi nuwayibateye.aho baba basavye indaro kuri bagenzi babo bakabirukana bagahitahitamwo kuja kurara mumabarabara nuruhinja mumugongo,ugasanga bibabereye ikibazo,abandi bikabatera isoni zo gusubira ruguru kuko baba bazi ko bariko barakora akazi.kandi ibara ryaraguye kera.

abandi twashoboye kwibonera n'abamama bakuze benshi usanga bavuga ko batagira aho baba bivanye n'ibibazo vy'ubuzima ,barasohowe munzu canke bakirukanwa nabagabo babo bigahera bisanze mwibarabara,batagira aho barara.

uwo twashoboye kuyaga wumupfakazi,yatubwiye ko yasohowe munzu n'abashingantahe ngo kuko yaria aheranye amezi atatu avance yaraheze arasaba ko bomwihanganira ko agiye kuraba aho yokutura bakayamuha,ati ariko bamuhaye imisi cumi n'itanu ivyo vyose bikaba vyavuye kukuntu nyene inzu yaguma amudugiriza amahera,ngo kubera yarakeneye ko hapanga abakongomani bamurihe menshi.ati rero ubu amaze hafi ukwezi arara hanze atagira ikimufasha,n'abana bato babiri.

kino kibazo basba ko Leta yogifata muminwe ikagira ico ibafashije ati ahandi ho n'abandi baguma biyongera ngo kandi hari nabafatwa kunguvu bigatuma bavyarira mumabarabara abandi nabo bagapfa eka nabandi bandura ingwara bigatuma nubwo barinda bakarara mumabarabara bumvako umutekano wabo utameze neza.

ngo kuko hari nigihe bahura naba polisi bakabirukana abandi nabo bagakubitwa,,abakobwa nabo bakiri bato bakabatwara kubafunga.

kandi barasaba n'abgiraneza ko nabo boza kubagarukirako ahandiho bazokwisanga benshi barahagiriye ibibazo kadni bitandukire nabandi eka n'igihugu.


Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty