Ubuheruka mukiganiro twabahaye ca Carlson na Putine, twarumvise Putine avuga ko ariko agwanya abanazi. Carlson yaramubajije impamvu avuga ivyabanazi kd tuzi ko Hitler yapfuye. N'uko Putine yaramweretse ico arico abo yita abanazi. Yemeje ko n'ubu bagihari kandi ko ivyo biri muvyatumye atera Ukraine, kandi ko atarota ahagarika intambara akibona ingufu z'abanazi muri Ukraine.
Yaroslav Hunka, ni umunazi yakoze ivyaha vyinshi vy'ubwicanyi muntambara ya 2 y'isi. Ni umugabo w'imyaka 98 afise ubwenegihugu 2: Ukraine na Canada. Ivyaha yakoze muntambara ya 2 y'isi yose biri muvyatumye Uburusiya bumurondeza umutahe wo kumuhagarika, kugirango ajanwe kuburanywa i Moscou. Uyu munazi ahawe ubuhungiro muri Canada. Mbere yitwa Umushitsi witeka[Guest of Honor].
Igihe Zelenski yaja gusaba imfashanyo muri Canada, uyu mugabo Yaroslov yarahagurutse munama nshingamateka yose ya Canada imukomera amashi. Ibi biri mubintu vyababaje Moscou kugeza n'aho Putine abigarukako muri interview aho yagize ati :"Abafashije abanazi mukwica abayuda, abarusiya n'abandi bantu... baracahari ntaho bagiye, ivyiyumviro vy'abanazi biracahari.