Umuririmvyi MB DATA,yasubiye kugaragara,mu muziki Inyuma,yigihe kitari gito yabaye nkuwuja mugacerere ,Bivanye n'ibibazo vy'umuziki yahoramwo na Management yiwe.
indirimbo nshasha aheruka gusohora n'umu Dj azwi cane ngaha mugisagara ca bujumbura nka kizigenza mukuvanga imiziki ariwe DJ PHILBYTE,ikaba yitwa TUZONABICA,n'indirimbo ifise amajambo menshi kandi afise ico akebura,
MB DATA n'umuririmvyi afise ingabirano yo kuririmba,numwe mubaririmvyi bashobora gukora indirimbo bakaronka amajambo bitanabagoye bivanye nubumenyi n'ingabire bafise.mumuziki. n'umuririmvyi yariko arakora,Mubaririmvyi bariko bagaragaza impano zabaririmvyi bu Burundi bashasha muyandi makungu,MB DATA yaza mukibanza cambere,ariko bivanye n'ibibazo vyari hagati yiwe na management bitashoboye kumworohera gukemura,bituma amera nkuwusubira inyuma.ariko turavye ukwo yariko arakora mumisi iheze yariko aragerageza kwivyukiranya aho tubona yarakoranye indirimbo na Africa Nova,nizindi ,ariko Ubu tugerageje kuraba igikorwa yakoze umuvuduko kizananye, birashobora gutuma asubira mukibanza yahorana nubwo bimusaba inguvu nyinshi,nuburyo,
VIDEO NGIYO Ariko Video nyezina Ntirasohoka
ja kuri Youtube Mumushigikire