Mu rugendo arimwo mu Burundi, cardinale Pietro Parolin, Umunyamabanga mukuru wa Reta ya Vaticano yarifadikanije n’abategetsi b'Uburundi mu gusinya amasezerano indwi yo gufashanya hagati ya Reta y’Uburundi na Ekleziya Katorika. Ayo masezerano yasinywe ku mugaragaro kuri uyu 13 Myandagaro 2025 mu gukomeza imigenderanire y’ibi bihugu uko ari bibiri, isanzwe imaze imyaka irenga 60
Ku ruhande rw'Uburundi, amasezerano yashizweko umukono n’Abashikiranganji bane harimwo uw’indero, uw'intwaro yo hagati mu gihugu,uw’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’uw’ubutungane bahagarariwe n'Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye. Nayo ku ruhande rwa Ekleziya Katorika, yateweko umukono na Musenyeri Bonaventure Nahimana arongoye inama nkuru y'abepiskopi Katorika b'i Burundi ahagarariwe n'umunyamabanga wa Reta ya Vaticano
Ayo masezerano azoba agizwe no gufashanya mu gisata c'indero, amagara y’abantu, umutekano, impunzi, ibigo vy’amashure yisumbuye na kaminuza, hamwe n’ibigo vy’ubuvuzi n’amabohero.
👈 Ayo masezerano si mashasha, abaye bushirwe mu ngiro
Mu 2013 niho hatangura kwigwa ibizoba bigize ayo masezerano yaraye ateweko umukono. Mu 2023, haciye hatanguzwa ibikorwa vy'umugwi ujejwe gushira mu ngiro amasezerano y'ugukorana hagati ya Reta y'Uburundi na Ekleziya Katorika, aho abagize uwo mugwi bakaba bemejwe ku.wa 13 Nyakanga 2023 n'umushikiranganji yari ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse. Inkuru twarayibabwiye hano ( https://shorturl.at/NgJJ)
🎙️Muri ico gihe hashirwaho uwo mugwi, Musenyeri Bonaventure Nahimana arongoye inama nkuru y'abepiskopi Katorika b'i Burundi yamenyesheje ko mu vyo Ekleziya imaze kurangura isanzwe ifise amashure agera ku ma 700, muri ayo 564 akaba ari amashure shingiro, 126 nayo akaba ari ay'inyuma y'ishure shingiro aho yamenyesheje kandi ko Ekleziya katorika iriko iriyumvira umugambi y'uko yotanguza kaminuza iyegukira.
🏥 Mu gisata c'amagara y'abantu naho, ngo Ekleziya yari isanzwe ifise amavuriro mato mato 92, ibitaro 16, amazu yakira abantu bafise ubumuga budandukanye 7, aho abavyeyi bibarukira 2, amazu "centre médicaux", zigera kuri 5.
📌 Aho nyene mu 2023, ku kibazo c'uko hari haciye imyaka igera hafi kuri cumi, hemejwe ayo masezerano ariko akaba atari bwaje mu ngiro, Musenyeri Nahimana yishuye ko muri ayo masezerano, ingingo ziyaherekeza ntizari bwashobore gutegugwa neza ngo ziheze zishigwe mu ngiro.
❓Ni ibihe nyamukuru ubona vyorangurwa muri ayo masezerano?
#Burundi