Prezida Ndayishimiye ati : "Bazirika barayironse, ariko barakeneye n'umukaridinare azoyibarabira"

Abicishije kuri Cardinal Parolin yakengurukiye rwose Papa Leo XIV ku cizere yagiriye Uburundi, akaburonsa isengero yiwe

Mw'ijambo ahejeje gushikiriza inyuma yo kwemeza “Basilique Mineure” y'i Mugera, Evariste Ndayishimiye yasavye ko Papa yobandanya akurikiranira hafi Uburundi, akaza kugendera isengero ryiwe mbere ashatse anaharare.

💬 Prezida Ndayishimiye ntiyibagiye guha ubutumwa iyi ntumwa ya Papa iri mu Burundi kuva ku wa kabiri iheze ngo izoshikare i Roma

Ati : "Bazirika barayironse, ariko barakeneye n'umukaridinare azoyibarabira"☺️

Cardinal Parolin yakeje indongozi mu gihugu, abungere b'Ekleziya yo mu Burundi cane cane Musenyeri Nahimana Bonaventure, ku bwitange bagaragaje ngo iki gikorwa kiranguke

🎙️ Ati : "Aho Prezida wanyu yagendera nyenubweranda Fransisko, yaracishijemwo iciyumviro nk'iki. Biciye rero ku gusenga kwanyu no mu bushingantahe bwanyu, muri Bazirika nziza kuruta izindi zose ziriho. Ego cane, muri bazirika nini nyayo."

➡️ Bonaventure Nahimana arongoye Inama nkuru y'abepiskopi mu Burundi yaseruye ivyipfuzo vy'abasaserdoti n'abakristu vyo kuronka Bazirika kuwa 15/12/2023. 

Iki ciyumviro cagiye kwemezwa kuwa 12/09/2024, ku cicaro c'igisata ca Papa kijejwe ivyo gusenga no gutunganya ama sakaramentu

#Burundi #Assomption2025 #IrisNews
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty