Inkuru utokwirengagiza:HACHIKŌ yatumye benshi bakorora amosozi bamaze kumenya inkuru yayo


📸Ifoto yayo yanyuma yafotowe itariki 8 NTWARANTE 1935, yabaye imwe mumafoto yafashe HACHIKŌ, ariko kandi ifata n'Imitima yabantu bo mugihugu cose.

HACHIKŌ niyombwa ubona kuriyofoto, inkuru yayo kandi yarashizwe nomwireresi yarijije benshi.

🔸Uti kuberiki? Niwisomere inkuru yayo

HACHIKŌ yarimbwa iri mubwoko bwa Akita yavukiye m'UBUYAPANI mu 1923. Yahavuye itungwa na Professeur HIDESABURŌ UENO, yigisha kuri Kaminuza yo muri TOKYO.

Misi yose mugatondo, HACHIKŌ ntiyasiba guherekeza UENO gushika ku GITURO ca Gari ya Moshi c'ISHIBUYA, hama ikagaruka kumugoroba gutegera uwo nyeneyo akaba numugenzi wayo hahandi nyene yaba yayisize agiye kukazi.
Ariko rero, hari ikintu kibabaje cane cahavuye kiba, hari mukwezi kwa 5 mu 1925 aho Professeur UENO yapfuye bukumbi yishwe no kuvira amaraso mumutwe aho yari akiri kukazi, kuri Kaminuza yigishako. Urumva ko atigeze asubira gutaha. Naho HACHIKŌ yari yaje kumutegera, yararindiriye irabura. Ntanumuntu yari gushobora kuyibwira iyo nkuru iteye agahinda🤷‍♂️.

😭Ikibabaje kandi gitangaje, HACHIKŌ yabandanije iza ya saha nyene, misi yose, hahandi nyene kuri ca GITURO, yizera kwishobora kubona UENO yururuka itereni canke gari ya moshi.
Ishobora kuba yarizera cane urukundo UENO yayikunda kuburyo itashobora kwiyumvisha ko yayitaye, akayiheba.

💔Nuko tutazi ivyo yiyumvira, kumbure yaribwira iti : “Ashobora kuba yafatiriwe aho yagiye, ariko ntashobora kumpeba, nomusi araza, reka mpfe kugenda.” 
Canke :“Ubu UENO yoba rampevye, akagenda atansezeye ? Ntiyibuka urukundo namwereka dukina, canke ndamuherekeza misi yose? ”

📅Ivyo wumva twavuze yabikoze imyaka 9, imyaka 9 idasiba numusi numwe gushika nayo ipfuye 1935.
🛤️Abafata ingendo misi yose, abakozi bo kurico gituro hamwe nabahita bose bari bamaze imyaka babona HACHIKŌ idasiba kuza mubihe vyiza, mugihe haba hakanye bimwe vyica, mugihe izuba ryaba rimena imbwa agahanga ndetse no mumvura ikabije.
🥺Abumva inkuru yayo vyarabariza, gutyo benshi bahitamwo kuza bayitwararika muri bimwe bimwe ikenera.

⚰️Igihe yapfa, abantu bagandaye, amosozi mumaso habo, barakoraniye i SHIBUYA kuri cagituro kugira berekane ubufatanye nayo. Bari bahagatiye umubiri wayo utagira impwemu.

Ibinyamakuru vyaruzuranye aho hantu nkaho hoba hapfuye INTWARI yitangiye IGIHUGU.
Inyuma yukwezi, Umubiri wayo warabitswe mukigo (MUSÉE) cigihugu kirata ibinyabuzima hamwe na siyansi ci TOKYO, mugihe igishusho cayo cumujumpu cahavuye cubakwa muri cakibanza nyene yarindiriramwo umukunzi wayo UENO – nomusi cabaye ikibanza coguhurirako na adresse kuri bamwe bamwe.

👉 Wiyumviriye urabona umwe, umwe gusa mubagenzi yomara imyaka 9 akwiyumvira misi yose inyuma yurupfu rwawe ? Uwo mugenzi ninde ga yemwe ?
👉Wewe ubwawe urabona uwo womara imyaka 9 wiyumvira misi yose inyuma yurupfu rwiwe ?
👉Birambabaza kubona umuntu agayitse bamwita IMBWA mugihe IMBWA ifise ubuntu gusumba abantu. Imbwa ntiyibagira uwayigiriye ineza mugihe umuntu wewe ahiga kukwica mugihe wamubaye hafi mubihe bigoye.
👉 Jewe nandika iyinkuru, ndafise umugenzi yagiye atansezeye. Yahitanywe nisanganya muntango zi 2022. Nubu ndacafise amwe mumafoto yiwe mwiterefone. Hari impamvu nyinshi zituma ntashobora kumwibagira, ariko ndazi neza ko hari abafise ibisebe bitarigera bikira, kubera impfu zabakunzi babo🥺
👉Niharambe abagenzi bukuri, abagenzi bumutima nka HACHIKŌ.
👉Twame twerekana urukundo mugihe gishoboka, mugihe umuntu agihema, atari kuzana amashurwe kumva zabafuye.

Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty