Carmen na Lupita ni abakobwa bavukana ariko bakaba bavutse bafise ubumuga butuma basangira ibihimba vy'umubiri bitari bike.
Aba bigeme bafise imyaka 25, bakaba bavukiye muri Mexique ariko ubu baba muri Connecticut, imwe mu ma leta agize leta zunze ubumwe za Amerika.
Bafatanije igice c'umubiri, kitari gito aho aba basangiye igihimba c'irondoka, igitigu n'amaraso. N'ubwo biri uko, ubu bumuga bwabo ubwo bita( Siamoise ) ntibungana n'ubwa Abby na Brittany . Carmen na Lupita bo umwe wese arafise umushishito wiwe akagira n'umutima wiwe yisangiza.Â
Carmen Andrade, umwe muri aba bigeme bavutse umubiri ufatanye, yararongowe n'umukunzi wiwe bari bamaranye igihe kirekire, azwi nka Daniel McCormack, ubugeni bwabo bukaba bwabaye mu kwezi kwa Gitugutu 2024.Â
Ubu bugeni bwabaye mu buryo bw'ibanga ku kiraro ca Lover’s Leap Bridge mu gisagara ca New Milford, muri Connecticut, bakaba bemeranije kubana bari imbere y'abagize umuryango wabo.Â
Carmen yari yambaye ikanzu y'ibara ry'urwatsi rubisi, mu gihe Daniel umugabo wiwe yari yambaye ikoti ryirabura hamwe n'agakaruvati k'urwatsi rubisi.
Mu kiganiro cabo kuri YouTube citwa "Overdue Update!", Carmen yerekanye impeta y'ubugeni, avuga ati: "Narongowe." Mushikiwe Lupita yaciye yongerako ati: "Jewe sinarongowe," yongera avuga ashimitse ko atigeze arongorwa kandi ko atabishaka, ariko akaba yashigikiye umugambi wo kubana wa Carmen na Daniel, akavuga ko yipfuza ko umuvukanyi wiwe anezerwa.
Carmen na Daniel bahuye mu mwaka wa 2020 biciye ku rubuga rw'ukurondera abakunzi rwitwa Hinge.
Carmen yavuze ko Daniel atigeze amubaza ibibazo bijanye n'ubumuga bafise bwo kuba abo bita aba "Soeurs Siamoises" ibi bikaba bitandukanye n'abandi bagabo benshi bamwandikira. Yavuze ati:
 "Nari nzi ko Daniel atandukanye n'abandi, kuko ntiyatanguriye ku kibazo kijanye n'uko ndi umu soeur siamoise."
Inkomoko: Pure People.com, Toofab.com, NDTV