Ni ibiki twomenya mw’igenwa rya Reta nshasha ?

👉🏾 Ubushikiranganji buvuye kuri 15 buja kuri 13. Hariho n’ibisata vyahinduye aho bitwarirwa.

✍🏾 Umukenyezi agiye kuramutswa ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi, ibitari bimenyerewe mu mateka y'Uburundi.

👀 Abashikiranganji bagarutse muri iyi Reta ni batatu : Marie-Chantal Nijimbere, Lyduine Baradahana na François Havyarimana.

📄 Ng’aya amazina n’ubushikiranganji barongoye 👇🏾

1️⃣ Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano : Léonidas Ndaruzaniye ; 

2️⃣ Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba : Marie-Chantal Nijimbere. Mwomenya ko uwo, yahora arongoye ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji ; 

3️⃣ Umushikiranganji w'ubutungane, agateka ka zina muntu n'iterambere ridakumira : Arthemon Katihabwa ; 

4️⃣ Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, iyinjira ry'Uburundi mu miryango yo mu karere no gufashanya mw'iterambere : Edouard Bizimana ; 

5️⃣ Umushikiranganji w'ubutunzi, ikigega ca Reta, n'ubutunzi bufatiye ku buhinga bwa none : Alain Ndikumana ; 

6️⃣ Umushikiranganji w'ubutare n'agataka, amasoko ntanganguvu, amahinguriro, ubudandaji n'ingenzi : Dr. Hassan Kibeya ; 

7️⃣ Umushikiranganji w'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi : Calinie Mbarushimana ; 

8️⃣ Umushikiranganji w'inyubako, uburaro rusangi, ugutwara abantu n'ibintu hamwe n'ibikoresho : Jean Claude Nzobaneza ; 

9️⃣ Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi : Dr. François Havyarimana ; 

🔟 Umushikiranganji w'amagara y'abantu : Dr. Lyduine Baradahana ; 

1️⃣1️⃣ Umushikiranganji w'akazi, abakozi ba Reta no gutegekaniriza kazoza abakozi : Gabriel Nizigama ; 

1️⃣2️⃣ Umushikiranganji w'urwaruka, inkino n'imico kama : Lydia Nsekera ; 

1️⃣3️⃣ Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n'ibinyamakuru : Gabby Bugaga. 

📑 Reta nshasha yashikirijwe mw’itangazo n'umuvugizi w'umukuru w'igihugu, Rosine Guilène Gatoni kuri uyu wa 5 Myandagaro 2025.

📸 : RTNB

#poritike
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty