Umuhinga mu vy'ubutunzi Diomed Ninteretse avuga ko ingingo y'ibanki nkuru #BRB irekurira abadandaza baja kurangura ibidandazwa mu gihugu c'ubushinwa gutora amafaranga y'ubushinwa (Yuan) mu kibanza c’amadorari y’abanyamerika mw’iyo banki atakarusho bizozana ku butunzi bw'igihugu kuko atoroshe guhanahana kw’isi no ku vunja.Â
Ninteretse akabona ko uburundi butari bwagere gukoresha iryo faranga n’ubwo hagaragara ubukene bw'ama dorari ya Amerika bivuye ku mwimbu muke igihugu gifise wo gushora hanze mu bidandazwa njabukamazi nk'ikawa, ipampa , icayi , ubutare n’ibinyobwa vya Brarudi vyashogwa hanze .
Avuga ko bizokworoha gusa guhanahana ibidandazwa hagati y'ubushinwa n'Uburundi, ariko akagira amakenga ku nkurikizi zishobora gushika mu gihe bahevye idorari bagakoresha iyuan ry’Ubushinwa kandi kw’isi yose bagiharura ubutunzi bafatiye ku madorari. Â
Uwo muhinga abandanya asigura ko ifaranga rya Yuan ari ifaranga riguma rivunjwa mu yandi asanzwe akoreshwa cane kw’isi ( Semi convertible) kandi bigoye kuyahanahana mu bidandazwa mpuzamakungu, akabona ko no kuyahanahana bitoroshe kubera uburyo bikorwamwo ari vyo abanyamerika gusa, ibishobora kuzogora abarundi ingene azovunjwa.Â
Asaba BRB gusigurira neza abarundi ingene ayo ma faranga yubushinwa akoreshwa, ingene avunjwa n’ingene atangwa ugereranije n'amadorari kugira cane cane abadandaza ntibajuragirike , uravye ko kw’isi hakoreshawa cane ama faranga ya Amerika (Dollar) n’ayaburaya (Euro).
#Ubutunzi  #BRB  #Yuan