Igihugu ca #Japon cahaye u #Burundi imfashanyo y'ingano n'ibikoresho vyo kwa Muganga
........................................................
Iryo hanahana ry'imfashanyo ziri mubwoko 2 ryabaye hagati y'umushikiranganji w'uburundi ajejwe imigenderanire Albert Shingiro hamwe na Isao Fukushima aserukira ubuyapani mu Burundi, i!tebe yiwe ikaba iri I Kigali.
Imfashanyo yambere, igizwe n'ingano ziciye imiliyaridi 3 z'amafaranga y'amarundi, nukuvuga umuliyoni w'amadolare y'abanyamerika, zikazoca zigurishwa kumasoko yahano muburundi ku giciro gicirorotse nk'uko umushikiranganji Albert Shingiro yabivuze.
Nayo imfashanyo igira 2, izoba igizwe n'ibikoresho vyo kwa muganga biciye imiliyaridi 8 z'amarundi, nukuvuga imiliyoni 2,6 z'abanyamerika, ikazohabwa ibitaro Prince Régent Charles, kugirango abarwayi bahivuriza bazokurikiranwe neza.