Integuro y'itegeko rigiye kugenga inama nshingamateka y'Uburundi mu kiringo ca 2025-2030 ihejeje kwemezwa n'abashingamateka bose 110 bari bitabiriye ibikorwa y'uyu musi.
Kuva ejo haheze, inama nshingamateka y'Uburundi igizwe n'abaheruka gutorwa mu matora yo kuwa 05 Ruheshi 2025, yaratanguye ibikorwa vyayo. Nk'uko vyama bigenda, inama nshingamateka ihera kugutora Integuro y'itegeko rizoyigenga mu kiringo c'imyaka itanu iba yaratorewe.
Ejo haheze, iyo nteguro ntiyashoboye kurangira ariko guca batora umugwi w'abashingamateka boyibacira irya n'ino maze uyu musi bagasasa baraba utwo bohinyanyura twanyuma bakongera kandi bakayemeza. Tubibutse ko iryo tegeko rimaze gutorwa ariryo ribaha uburenganzira bwogushiraho ibiro vy'inama nshingamateka bigizwe ahanini n'Umukuru w'inama nshingamateka hamwe n'ivyababa vyiwe bibiri.
Inyuma yo guca irya n'ino impinyanyuro 23 zakorewe iryo tegeko, abashingamateka bari bitabiriye ibikorwa bashika 110 bakaba baciye bemeza iyo nteguro y'itegeko ijana kw'ijana.
Mukamenya kandi ko iyo nteguro ica irungikirwa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro kugira ngo iyemeze canke ibereke ivyo bohinyanyura.
Aho bukera, kuwa gatatu, bikaba ariho bitegekanijweko hazotorwa abagiye kurongora inama nshingamateka mu gihe sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro itosubiza inyuma Integuro y'itegeko rizogenga iyo nama nshingamateka ihejeje kwemezwa.
Ninde muha amahirwe yo gutorwa ngo arongore inama nshingamateka y'Uburundi muri kino kiringo ca 2025-2030?