⚠️ Umushikiranganji Martin Niteretse ati: "Abakokayi n'abakomisiyoneri na ko ni akajagari mu bundi. Guhera uno munsi, iyi saha nyene, sinsubire kwumva umukokayi n'umukomisiyoneri mu gihugu c'Uburundi ! Mubafate mubapfunge, kandi mubapfungire ahantu habo bonyene. Muhejeje kubegeranya bose, ab'i Muyinga tuzoca tugenda kubapfungira i Nyanza..."
🔴 Yongeye ati: "Mubitangaze neza mu majambo yumvikana. Abarenza ibiciro ku binyobwa vya Brarudi, isukari, isima ya Buceco n'ibindi vyose ibeyi izwi [....], abo barenza ibeyi bafatwa bose. Ivyabo bariko baradandaza muri ubwo bubare canke ubwo bubutike... vyose birafatwa bikitwa 'saisi' bikajanwa kugurishwa icamunara na parake, amahera avuyemwo agaca ashirwa kuri konti ya Reta..."
⛓️ Yabandanije amenyesha ko abo bandi na bo bafashwe, abadandaza co kimwe n'umukuru w'umutumba, umukuru w'agacimbiri, umuhetsi w'umutumba batabivuze kare, bose bategerezwa gufatwa ku caha c’ubufatanyacaha n'izo nkozi z'ikibi. Iryo tegekeko ngo ritegerezwa gukwirikizwa mu #Burundi bwose guhera kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro 2025, uwuzovyirengagiza na we azokwagirizwa icaha kandi ngo bazocirirwa imanza z’ikibiriraho
👥 Umushikiranganji yasavye kwegeranya abantu bose birirwa ku marigara baje kubakoresha ibikorwa vy'iterambere, kuko muri ayo marigara ari ho bavuganira ivyo kwiba hamwe n'ivy'ubugizi bwa nabi
👉🏾 Ivyo vyashikirijwe mu nama umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yagiranye n'inyamiramabi zo mu karere k’ubuseruko bw’igihugu mu ntumbero yo kurabira hamwe ukwo umutekano wifashe muri ako karere, kuri uyu wa 24 Mukakaro 2025 i Muyinga
#Uburundi