NTA BWOBA BAGIFISE 🙅🏽♂️🤔👏🏿💪🏾
☝🏾Ivyo bije inyuma y’aho iyo ntumwa nyene ariyo William B. Stevens irungitswe muri Burkina Faso mu kwezi guheze guhura n'umukuru w'igihugu Capitaine Ibrahim Traoré.
🛫 Muri urwo rugendo Stevens yarahuye n'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu Burkina Faso ariko atari Capitaine Ibrahim Traoré ubwiwe, kugira ngo ashikirize ubutumwa bwa Perezida Donald Trump akurikije ibirego vyashikirijwe na Général Langley ajejwe Igisirikare ca Amerika kuri muri Afrika kuri Traoré.
🇧🇫 Leta ya Burkina Faso imaze kwakira ubutumwa bwa Amerika, yaratomoye neza ko ukwongera gukomeza imigenderanire na Amerika bisaba ko Amerika isaba imbabazi ku mugaragaro kubera ko Général Langley yakwiragije amakuru y’ibinyoma ku bijanye na Capitaine Ibrahim Traoré.
🤵🏻 Iyo ntumwa yarasubije ubu butumwa bw'ivyo ibwiwe i Washington, ariko Amerika iravyishura, ivuga ko izosaba imbabazi biciye mu nzira z’ubu Diplomate ( ibiganiro ) atari ku mugaragaro. Ariko rero, Capitaine Ibrahim Traoré yaranse gusaba imbabazi mu nzira z'ubu Diplomate mu mpisho, ashimika ku vy’uko nimba Amerika iri mukuri canke iri Sérieux yosaba imbabazi ku mugaragaro, bigatuma isi cane cane Afrika ibona ko yemeye ikosa ryabo, nimba vy’ukuri ivyemanga.
🙅🏻 Amerika yaranse ivyo yasabwe, ariko ibandanya irungika iyo ntumwa yayo nyene muri Mali, aho naho nyene, iyo ntumwa yahuye n'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Mali gusa, atari na Perezida Assimi Goïta ubwiwe.🫱🏻🫲🏾
✍🏾 Amakuru avuga ko ivyiyumviro vya Mali ku bijanye n’ico kibazo bisa n’ivya Burkina Faso. Iyo ntumwa kandi itegerezwa no kuzoca muri Niger, aho naho nyene vyitezwe ko Niger ishobora gusubiramwo nk'ivya Mali na Burkina Faso.
Biragaragara ko abakuru b’ibihugu vya Burkina Faso, Mali na Niger batagendeye Amerika, ariko Amerika iriko iriko irabakenera.
Ivyo biriko bituma haba ibibazo ku bijanye n’uburongozi muri Afrika mu gihe bibaza ko Amerika yoba vy’ukuri iriko iragira uruhara mu kwubahirizanya, canke iriko iragerageza gusa kugira ico ikoze kuri ivyo bihugu kugira ngo ironke ivyo ibashakako.
Mu buryo butandukanye n’ubu bw'aba bakuru b'ibihugu batatu, abarongozi batanu b’Afrika bari bitavye inama ya Amerika na Afrika ( USA-AFRIQUE ) mu Biro vy'umukuru w'igihugu "White House", benshi muri bo ngo babonwa nk’ibikoresho vy’ibihugu vy’Uburengero, inyungu zabo zikaba zijanye n’ibihugu vy’amahanga kuruta abantu babo.
Mbere na Prezida wa Gabon yarakoze ikintu kitakunzwe aho mu gusubira i muhira mu gihugu ciwe yari yambaye inkofero iriko icivugo ca Donald Trump ca "Make America Great Again: Ubaka Amerika yongere igire icubahiro".
🧠 Muravyibuka ko Général Langley yavuze ko Capitaine Ibrahim Traoré ariko yonona ubutunzi bwa Burkina Faso na cane cane amabuye y'agaciro mukugura ibirwanisho vyo kwikingira aho guteza imbere abanyagihugu.
☝🏾 Ivyo rero vyabaye imbarutso y'ibintu Vyinshi Amerika na Burkina Faso bariko barapfa maze Amerika ica igira n'ikibazo isanga Burkina Faso,Mali na Niger Bunze ubumwe.