Donald trump asaba ko Barack Obama afatwa agafungwa

 uyu yahoze arongoye Amerika akagirizwa ubuhemu aho Trump avuga ko yahemukiye igihugu.

Uwurongoye leta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ahamagarira ubutungane guhagarika Barack Obama aho aguma yagiriza intwaro y'aba demokrate ko yahubije abanyagihugu mu matora yo mu mwaka wa 2016

Ibi umukuru w'igihugu Donald Trump yabivugiye mu biro vy'umukuru w'igihugu (Oval Office) igihe yariko agiranira umubonano na Ferdinand Marcos Jr umukuru w'igihugu ca philipine; muri uyu mubonana akaba ari ho yagirije uyu yahoze arongoye Amerika ko yari arongoye akarwi k'inkorabara.

" Uwari arongoye umurwi w'inkorabara yari umukuru w'igihugu Obama; Barack Hussein Obama,” niko Trump yabwiye abamenyeshamakuru.

Donald Trump yarongeye avuga ati: " Icaha kiramwagira. Kurya kwari uguhemuka. Wovyita amazina yose wiyumviriye. Baragerageje kwiba amatora. Baragerageje guhuvya amatora. Barakoze ibintu umuntu atokwubahuka no kwibaza ko bokora, eka ndetse no mubindi bihugu."

Ikinyamakuru Aljazeera kivuga ko Trump asanzwe amenyerewe ku gukuza inkuru zitagira ivyemezo zifatiye ku matora harimwo n'uko yanse kwemera ko yatsinzwe mu mwaka wa 2020

Ikinyamakuru Aljazeera co muri Qatar kivuga ko mu mwaka wa 2016 igihe Barack Obama ahereje ikiringo ca kabiri, ikigo kijejwe iperereza CIA muri Amerika cagunduye umugambi w'uburusiya, aho bwoba bwarakoranye inguvu bukoranye na Trump kugira ngo buhindure ibiharuro hatsinde Trump. Hakurikiye ukwirukana abaserukira igihugu c'uburusiya muri Amerika hamwe no gufatira ibihano ico gihugu.

Inyuma y'ibi vyagiriji Barack Obama yahavuye ava mu gacerere kuri uyu wa kabiri, ivyo ikinyamakuru TF1INFO kivuga ko ari ibishika gake ngo ubone Obama asubiza ku bintu biriko bivurwa mu gihe amaze igihe yibereye mu gacerere.

Umurwi ujejwe kumenyekanisha amakuru mu biro kwa Obama wasohoye itangazo rigira riti:

"Kubera icubahiro dufitiye ikirimba, ibiro vyacu ntibikunze gusubiza ku bintu vy'ubuhimbili(absurdités) hamwe n'inkuru z'ibinyoma ziguma zitangwa n'ikirimba Maison Blanche" bivuga Patrick Rodenbush umuvugizi wa Barack Obama

Patrick Rodenbush arabandanya agira ati:
"Ariko kubera izi nkuru ari iz'agaca mutwe zari zikenewe kwishurwako. Ibi vyagiriji biratangaje kandi n'ivyububegito kandi vyazanywe kugira twibagizwe"

Ibiro vya Obama vyaboneyeho no kumenyesha ko naho Trump ariko avuga uko yibagiye gushiramwo dosiye avurwamwo yo gukorana n'uburusiya mu matora yo mu mwaka wa 2016

Twobamenyesha ko biriko bivurwa ko Donald Trump yavuze ibi bintu kugira yibagize abantu ama dosiye y'agacamutwe ariko amuvurwako, aha tukavuga nka dosiye yitiriwe "affaire Epstein" yerekeranye n'iki kibazo c'uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika.
#Nagaciro

Inkomoko: https://www.aljazeera.com/news/2025/7/22/donald-trump-accuses-barack-obama-of-treason-over-2016-election-claims

https://www.tf1info.fr/international/apres-les-affirmations-scandaleuses-de-donald-trump-barack-obama-oblige-de-repliquer-a-ses-accusations-de-trahison-2384651.html

Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty