Umukozi w'Imana Pasteur Marcello Tunasi yamaze kurongora uwundi mugore inyuma yo kumara umwaka apfakaye.
Umukozi w'Imana azwi cane kunyigisho ziwe zemerwa cane akaba ari no muba pasteur Bemerwa cane gose mugihugu ça Congo yakoze ubugeni kandi bikaba vya vugishije benshi aho biyumvira ati muraka kanya yoba vy'ukuri yariteguye kubwubwo bugeni,ati ubwo ntiyoba yarafitaniye imigenderanire nuwo mugeni arongoye,abandi ati mbe bibiriya yoba ibirekurira.
Ariko nubwo biruko hari aba bishigikiye ko ari amahitamwo yiwe,narirya ubugeni bwabereye hanze ya Congo.
Ubukwe bukaba bwabereye mu Bubirigi kuri uyu wa 23 Mukakaro 2025.
Akaba ari ubugeni bwateguwe mwibanga ntangere kuburyo kugeza uno mwanya ari bake babizi kandi asanzwe ari umuntu azwi kandi akunzwe cane .