Ni iryambere bashoboye kwegera izuba na buhorobuhoro bagafata amasanamu bakaraba ivyaryo ikigo NASA kigenzura ikirere ubu kikaba kiri mu munezero udasanzwe.

Ni iryambere bashoboye kwegera izuba na buhorobuhoro bagafata amasanamu bakaraba ivyaryo ikigo NASA kigenzura ikirere ubu kikaba kiri mu munezero udasanzwe aho caraye gisohoye amasanamu icuma cabo kiri mu kirere kuri ako kazi cafashe.

Musomyi wacu ntiwumve ngo begereye izuba ngo uhave wibaza ngo ni ngaha no ngaho. Ihibambewe reka tubirabire hamwe.

Icuma Sonde Parker carungitswe mu kirere n'ikigo NASA mu mwaka wa 2018 muri misiyo bitiriye "Parker Solar Probe" kugira bagerageze kuza baregera buhorobuhoro izuba kugira barifate amasanamu bamenye ivyaryo ndetse binafashe no mu buzima bw'ihindagurika ry'ibihe aha kw'isi.

Ikigo NASA caraye gisohoye amasanamu yafashwe n'ikigendajuru cabo Sonde Parker cegereye cane gusumvya uko vyigeze kubaho. Ikinyamakuru France 24 kivuga ko hagati y'izuba n'iki cuma catanze amasanamu hari ibirometero imiliyoni zitanda zirenga(6,1 millions de kilomètres)

Kuri aya masanamu abahinga bashoboye kubona ibintu bimeze nk'imiyaga yizuba nyene ihuhera n'igipfungu binyuragirana aya akaba ariyo masanamu yambere isi ironse yegereye izuba gusumba.

Iki kinyamakuru kivuga ko ari ibintu abahinga bari barindiriye gushikako kuva mu mwaka wa 1950 ndetse iyi misiyo yatanguye mu mwaka wa 2018 bakaba bayitiriye umuhisi umuhinga w'umunyamerika Eugene Parker(astrophysicien américain Eugene Parker) we yatanguye kuvuga mu mwaka wa 1958 ko kuzuba hariyo imiyaga y'izuba.

Ni umunezero mu kigo Nasa aho bavuga ko ari irya mbere kuva isi yakabaho bashitse kuri uyu mwanya(distance)

"Twari turindiranye igishika ibi bintu kuva mu mwaka wa 1950" bivuga Nour Rawafi umuhinga muri NASA arongoye iyi misiyo "Parker"

Twobamenyesha ko kugira iki cuma izuba ntirigiturire bagikoranye ubuhinga ruhebwa bukoranye inkinzo ikinga ubushuhe(bouclier thermique) gushika ku rugero rw'ubushuhe bungana na degre selsius 1000 (1000 degrés Celsius.)

Musomyi wacu urumva ko badashobora kwegera biboneka aho n'ubu haguma hari ibirometero imiliyoni zitandatu zirenga hagati y'izuba n'iki kigendajuru.

Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty