Amajwi y'ivyo abadereva ba ya ndege yo mu Buhindi yahitana abantu 260 bariko baravugana imbere y'uko isambuka vyasohotse.

Impamvu zimwe zimwe zatumye ya ndege yo mu Buhindi yagira isanganya igahitana abantu 260 ziratanguye kuja ahabona n'ubwo ata kinini ziratanga ku coba caratumye indege ikoroka.

Kw'italiki 12 z'ukwezi kwa gatandatu, ni ho indege Boeing 787 Dreamliner ya Air India yakoroka igaseka amazu, haheze umwanya uri munsi y'umunota ivuye ku kibuga c'indege. Iyi ndege yahavuye ihitana abantu 260 harimwo 19 yasanze hasi. Twarabamenyesheje mu makuru yacu ko mu bari mu ndege umugabo umwe yari yicaye iruhande y'umuryango yihevye agasimba indege igira isangukire hasi ari we yarokotse.

Icegeranyo(rapport) ca mbere giheruka gusohoka. Muri iki cegeranyo herekanwa ivyo abahinga bari bamaze iminsi biga bongera banumviriza ivyo abadereva bavuganye imbere y'uko indege isambuka, bakoresheje twa twumva bita "boite noire" tuba turi mu ndege tugafasha kubika amajwi azobara inkuru y'uko vyagenze.

Ikinyamakuru c'abafaransa France 24 kirabaza kiti "None kwoba ari ukwihenda kw'umuntu(Une erreur humaine ?)" kikaca kigirako kivuga ko raporo ya mbere y'ikigo AAIB(The Air Accidents Investigation Branch) gisanzwe ciga kuvy'amasanganya y'indege ivuga ko ubuhinga bujana igitoro kérosène mu moteri y'indege bwugawe indege ikiva hasi, indege ica itangura kubura inguvu zo kuduga hejuru cane ikiva hasi.

Ibi n'ubu abahinga ntibariko baratahura uko umuringoti winjiza igitoro mu moteri y'indege wugawe kubera ubuhinga indege isanzwe ikoranye butemera ko uyu muringoti upfa kwiyugara ku gusamara.

Twa twuma dufata amajwi y'ivyo abadereva b'indege bavuganye imbere y'uko akaba kaba vyarerekanye bikoresheje amajwi vyafashe ko umwe mu badereva babiri bari batwaye iyi ndege yabajije uwundi igituma yugaye utwuma turekura igitoro, nawe amwishura ko atatwo yugaye.

Inyuma y'iki cegeranyo hatanguye kuba impari, amashirahamwe abiri akomeye y'abadereva yo mu Buhindi akaba ariko ariyamiriza ico cegeranyo gisa n'uko kiriko gisotera kuvuga ko ryoba ari ikosa ry'umudereva, aha n'inyuma y'aho abahinga bamwe mu bajejwe gutohoza batanguye kwibaza ko atari umwe muri aba badereva yoba yashaka kwiyahura agaca azimya uyu muringoti.

Ikinyamakuru Le Monde candika ko amashirahamwe abiri akomeye y'abadereva, rimwe rihurikiyemwo abarenga 800 rizwi nka ALPA India ryanditse rivuga riti: " Dutanguye kwiyumvamwo ko aya matohoza ariko atera ahengamira ku kuba abadereva ari bo bari bafise ikosa, turavyiyamirije dushimitse."

Irindi shirahamwe ry'abadereva bakorera mu ngendo z'ubucuruzi rizwi nka (ICPA) rivuga ko ryumijwe n'ibi abajejwe amatohoza batanguye kuvuga " Icegeranyo nk'iki ntikigira ifatiro" bivuga ICPA.

Hagati aho aba ba dereva babiri bari babunyoye mu gutwara indege ku buryo atawovuga ko harimwo uwiga. 
Umunsi indege igira isanganya uwufasha umudereva(copilote) azwi nka Clive Kunder w'imyaka 32 niwe yari atwaye indege uyo munsi; nayo umudereva nyezina(commandant de bord) azwi nka Sumeet Sabharwal w'imyaka 56 akaba ari we yariko akorera ku buhinga bwo kuyaga n'abakontorora ikirere hasi.

Aba bombi bari bafise uburambe mu gutwara indege aho nka Clive Kunder yari amaze kuguruka amasaha ashika 3 403 kuva atangura gutwara indege eka mbere niyi yagize isanganya akaba yari amaze kuyitwara amasa arenga igihumbi. Sumeet Sabharwal nawe yari amaze kuguruka amasaha  15 638 harimwo amasa 8 596 yagurutse n'iyi ndege Boeing 787 yagize isanganya.

Uwahoze ari umu dereva Marco Chan avuga ko iryo sanganya ari agaca mutima. Akavuga ko iri sanganya riza ryibutsa abiyunguruza mu kirere ko n'aho ubuhinga bwateye imbere, aho indege zisigaye zikoranywe ubuhinga bwa automatique, ibitangaza vy'amasanganya ateye ubwoba vyo bigumaho.
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty