Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yagize ati : "Twarumvise amatangazo y'abidoze, bafise akangonongono ko amatora atagenze nk'uko bavyipfuza. Turashima ko n'abafise akangonongono batabicishije mu nzira zo kugumuka. [...] Ariko igitangaje ni uko hari abariko bashikiriza amahinyu, batashikirije hakiri kare mu matora, kandi vyari guca bitorerwa umuti aho nyene."
Ivyo yabishikirije mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, yaremesheje ku kirimba c'i Gitega, ku bijanye n'amatora y'abashingamateka hamwe n'abajenama b'amakomine, uno musi itariki 14 Ruheshi 2025.
Ku kibazo c'abafise impungenge ko Uburundi busubiye ku ntwaro y'umugambwe umwe, Prezida Ndayishimiye yishuye ati : "Uno musi ko hariko hatwara umugambwe umwe nyene nta demokarasi ihari ? Demokarasi y'ukuri si imigambwe myishi, ni kwishira no kwizana, ata gahotoro. Mbere muraraba n'ibihugu vyinshi vyateye imbere vyahereye ku mugambwe umwe."
Agira ati : "None Abarundi tubakubite ko bahundaniye ku mugambwe umwe bakawutora 100% ? Erega n'uwibaza ivyo nawe ari mubatoye uwo mugambwe kuko ni 100%".
Kuba umushikiranganji ajejwe umutekano Martin Niteretse, yaraye agabishije abariko bashikiriza utunenge, Prezida Ndayishimiye avuga ko abo bantu bariko babeshera igihugu, bazohanwa nyene.
Mugabo, ngo harimwo n'abavuga utunenge nk'urwitwazo, akarorero yatanze ni umugambwe CDP. Ngo ntiwitwoje mw'ikomine n'imwe, kuko wabuze abo ushira ku rutonde, ariko bakaza kuvuga ko amatora yose yagenze nabi, yosubirwamwo yose. Ati : "None boba barungitse inderetsi, ahantu batariko baranitoza ? Bari kuronka amajwi ahantu babuze n'abitoza ?"
Asaba ko umuntu wese afise akangonongono yogashikiriza umugwi CENI, yerekane neza akazu ku kandi, ahoba harabereye amahinyu, hatohozwe ababikoze bahanwe, abahatoreye nabo barenganijwe, barenganurwe. Ngo bishitse bagasanga ivyahabereye ni ntakosorwa, nta nkeka vyosubirwamwo, Abarundi ngo ntiboca barenganywa.
Ikindi, imbere yo kuja kwitwara mu butungane, inzego z'igihugu ziba zananiwe na Prezida arimwo. Ni co gituma asaba ko imbere yo kwitwara mu butungane bari kubanza kubona ko inzego z'igihugu bituye ataco zibamariye.
#Amatora2025
#poritike