Inama nshingamateka y'uburundi yakoranye,Ikaba yiteguye kubaza kukibazo ca ANAGESSA,Ubushikiranganji bw'uburimyi,n'ubwubudandaji

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka wa 2025, Inama Nshingamateka y'Uburundi yakoranye irongowe na Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe Umukuru wayo, kugira ngo yemeze ikirangamisi c'ibikorwa bizorangurwa guhera kw'igenekerezo rya 10 gushika ku rya 23 Ruheshi uyu mwaka turimwo wa 2025.
Mu bikorwa bizokwigwa, harimwo ibibazo vyunganirwa, bizobazwa abashikiranganji b'uburimyi n'ubworozi hamwe n'ubudandaji, ku kijanye n'ingene ikigo ANAGESSA kiriko kirakoresha umwimbu w'ibigori caguze.

Ikindi gikorwa kizokwigwa muri rino sasa rya Ndamukiza 2025, n'ugukurikirana icegeranyo c'ingene ibitaro bikuru vya Bururi, Karusi, Kibumbu na Makamba bikora. Hakazoshikirizwa n'ibibazo vyunganirwa bizobazwa umushikiranganji w'amagara y'abantu kuri iryo tunganywa ry'ivyo bitaro.

Hazokwumvirizwa kandi icegeranyo c'ingene igisata citwa DGAP kijejwe ivy'amabohero, gitunganya amabohero ya Bururi na Gitega, hamwe n'ibibazo vyunganirwa bizobazwa umushikiranganji w'ubutungane hamwe n'uwujejwe amashure mato mato, ayisumbuye hamwe n'aya kaminuza.
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty