GITEGA :CNDD_FDD watahukanye intebe 217 kuri 225

Ku ntebe 225 zahiganiwe mu matora y'abajenama ba komine mu makomine yose agize intara ya #Gitega, umugambwe #CNDD_FDD watahukanye intebe 217, Uprona 7 nayo #CNL utahukana intebe 1 gusa.Muri rusangi rero ngo amatora yagenze neza.

Ivyo  vyashikirijwe na Joseph Maniraho arongoye umurwi w'igihugu wigenga ujejejwe gutunganya amatora mu ntara ya Gitega kuri uyu wa 10/6/2025.

Mu ntara ya #Gitega ibiharuro muri buri komine vyifashe uku gukurikira:

1⃣Komine #Bugendana: 
CNDD FDD: 94,99% n'intebe 24
Uprona nayo yaronse 3, 43 % n'intebe 1 hama
PALIPE Agakiza ironka 1,56% n'intebe 0

2⃣Komine #Gishubi:
CNDD FDD ifise 98,02% n'intebe 25
Uprona nayo 1,97% n'intebe 0

3⃣Komine #Gitega:
#CNDD_FDD yaronse 87,17% n'intebe 22
Uprona ifise  4, 51% n'intebe 2
CNL ifise 3, 74% n'intebe 1
PIEBU ifise 0,92% n'intebe 0
MSP Inkizo ifise 0,72% n'intebe 0

4⃣Komine #Karusi:
#CNDD_FDD yaronse 97,42% n'intebe 25
#UPRONA ironka 1,72% n'intebe 0 hama
#CNL: 0,85% n'intebe 0

5⃣Komine #Kiganda:
CNDD-FDD ifise 95,04% n'intebe 24 
Uprona yaronse 2,40% n'intebe 1
RADEBU nayo ifise 0,23% n'intebe 0
Uwigenga Katihabwa Mathieu: 0,66% n'intebe 0

6⃣Komine #Muramvya:
#CNDD_FDD 93, 64% n'intebe 24 
Uprona yaronse 5, 51% n'intebe 1
CNL ironka 0,62 %  n'intebe 0
#ADR ifise 0,22% n'intebe 0

7⃣Komine #Mwaro:
CNDD-FDD yaronse 90, 74% n'intebe 24
Uprona ironka 5,66% n'intebe 1 hama
#CNL 1,59% n'intebe 0

8⃣Komine #Nyabihanga: 
CNDD FDD ifese 96, 27% n'intebe 24
UPRONA nayo ifise 3, 72% n'intebe 1

9⃣Komine #Shombo: 
CNDD FDD: 98,34% n'intebe 25
UPRONA : 0, 70% n'intebe 0
CNL hama 0,94% n'intebe 0.

Mwomenya ko Joseph Maniriho yaciye agirako asoma n'amazina yabazoja muri izo ntebe afatiye kuntonde zatanzwe n'imigambwe.
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty