« Tumeze neza Kandi turiteguye. Ni urukino urukino rugoye ariko ngirakamaro. Bizoba bigoye ariko dushobore kubikora tukarutsinda. »
« Barcelone iramenyeye gudushirako igitutu iyo turi mugice cabo c'ikibuga, Mugihe tuzoba dufise umupira tuzobafatira ahonyene. Dutegerezwa gukina urukino rwuzuye.»
« Rodrygo ameze neza yagarutse. Kumusi wejo azoba ahari bien. »
« Rodrygo canke Arda ? Uko ari babiri n'amahitamwo Meza. Abakinyi Bose bategekanijwe bameze neza. »
« Narumvise ko xabi Alonso agiye gusezera muri Leverkusen. Yarerekanye nawe kwari umwe mubamenyereza isi ifise. »
« Gusezererwa muri champions league vyoba vyaradukomerekeje ? Niko umupira wamaguru umeze. Ikikubako cose utegerezwa gutekana kuko ni football . »
« inkino 3 ntazibagira ndikumwe na real Madrid ? Lisbonne 2014, Paris 2022, Londres 2024. Ntivyari vyoroshe. »
« ibihe vyiza nagiranye nuyu murwi ntibizigera bihera. Real Madrid, cokimwe na AC Milan, zizokwama kumutima. Numva meze neza aha. »
« Gutwara la Liga, biragoye .biragoye ariko Sicokimwe na Ligue des Champions. Nitwatsinda ejo, la Liga izoca isubira kugorana kuburyo atanakimwe kitoshobora Kuba bivuye munkino 3 zizoba zisigaye. »
« Nibazeko ari Clásico yanyuma y'uyu mwaka, kuko Barcelone itazoba iri mugikombe c'isi c'imirwi (Mondial des Clubs) . »
« Inter-Barcelone ? Nararavye urukino,rwari ruryoshe, kandi rwarimwo ubuhinga. Ndakeje Inter, Barcelone yari hafi kuja muri Final. finale ya Ligue des Champions izoba iryoshe, ntanumwe woha amahirwe. >>
#swallowssports 🇧🇮