Mbega Intamba Murugamba zirafise amahirwe yo gutsinda urukino zizohura na Cote d'Ivoire mukurondera itike y'igikombe c'isi 2026?



 
Mugihe itariki 21/03/2025 hazoba urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu w'Uburundi n'umurwi wa Cote d'Ivoire witiriwe( Inzovu) Mumahiganwa yo kurondera itike y'igikombe c'isi 2026;abakunzi binkino n'umurwi nserukiragihugu barindiranye igishika urwo rukino,mugihe azoba ari n'urukino umumenyereza Patrick Sangwa azoba Atanguranye neza na neza n,umurwi nserukiragihugu,nubwo ubuherutse yariko amarira inkino mugenziwe yasubiriye Etienne Ndayiragije yarasigaje.

Munkino ziherutse haragaragaye cane ikibazo c'abasatirizi,kuburyo urukino rwaheze Intamba zitsinzwe ubutinyagaza n'umurwi wa Burkina Faso 4 kuri 1 na 0 kuri 2.

bikaba vyaragaragaye ko Umukenyuro patrick SANGWA yakoresheje atantsinzi nagato wari kuzanira Intamba kubera umwanya munini abakinyi bashaka guhanahana umupira gose,ariko Burkina faso ikaba yari Ekipe ibasumvya ububangutsi n'inguvu amaherezo havamwo gutsindwa,

nkuko vyigaragaza mugutumako abakinyi baza guserukira igihugu harabonetsemwo ihinduka ,kuko igice kinini ari abakinyi bakina mumahiganwa yohanze ,mbega coba arico coha icizere abakunzi b'umurwi nserukiragihugu?

mubo twashoboye kuyaga kuvyerekeye Urutonde rwabakinyi batumweko ,babona ko abakinyi bakina mumahiganwa yo mugihugu bakwiye guhabwa amahirwe,hama abakinyi bakina hanze naho bakarondera abari kurwego ruri hejuru.

Ngo nimba vyukuri umumenyereza azi neza abakinyi yatumyeko ko bashobora kuturonsa intsinzi ,ngo ntakibazo bitwaye ,ati ariko harakwiye kubaho umurwi ujejwe gukurikirana no guha amanota abakinyi bakina mumahanga kugira tutazosanga twahaye amahirwe abakinyi bohanze gusa ataco bashoboye iyo bari,kandi ataco boshobora gufasha intamba, hari abasigaye bakina mugihugu bari kugira ico bakoze.

Uwundi yashikirije ko n'abafana bari bakwiye kwerekwa imbere yuko umukinyi wo hanze atumwako ivyo ashoboye atari gusa kumafoto no kumajambo,hakabaho Video zinkino bakinye kurya abandi tubabona nabo tuakabona ivyabo,ngo kuko hari abo usanga badatangura no mumirwi bakinamwo ariko bakabazana mumurwi nserukiragihugu kubera gusa bakina mumahanga.


Amahirwe yuko intamba zotsinda Cote d'Ivoire n'ikintu gushika unomwanya kigoye kumenya kuko ari urukino rwambere ruzoba ruhuje ivyo bihugu kandi rukomeye,ati vyari kuba vyoroshe kugereranya iyaba Intamba zari zimaze gukina n'uwundi murwi ,ngo kugira tumenye neza ubushobozi bwa Equipe dufise n'impinduka zahabaye kumukenyuro,kuko Ibiherutse kuba muma jonjora y'igikombe ca Afrika,bigarutse ataho twoba turiko turaja.

Umumenyereza afise igikorwa kinini ati kuko yashatse impinduka aho bibonekera muguhitamwo abakinyi yatumyeko,biracagoye kumenya neza ko yoba yarihenze canke ko yoba yarahisemwo neza,vyinshi tukazobimenyera murukino rwambere,mugihe atanurukino rwagicuti rwahabaye ngo agire ico abonye nagito.

Mbega Mukunzi w'inkino uha amahirwe angana gute Intamba Murugamba Muraya mahiganwa yo kurondera itike yo kuja mugikombe c'isi yose 2026.

ngizi inkino zanyuma duheruka guhura na Cote d'ivoire uko Vyagenze:

16.11.22Côte d'Ivoire - Burundi4 - 0Matchs Amicaux
09.10.11Côte d'Ivoire - Burundi2 - 1Africa Cup of Nations Qualification
09.10.10Burundi - Côte d'Ivoire0 - 1Africa Cup of Nations Qualification


Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty