Umurwi nserukiragihugu Uraza gutana mumitwe n'igihugu ca Cote d'ivoire mwikurakuranamwo ry'igikombe c'isi kizoba 2026,abakunzi b'Intamba biteguriye kwakira urukino rwiza ngo kuko bibaza ko hoba hariho impinduka bivanye nuko umumenyereza PATRICK SANGWA atanga icizere,ngo arashaka kugira urukino rwiza ,rushobora gusiga umurwi nserukiragihugu mumwizero wibihe biri imbere,
nubwo hari utubazo tukiri mumurwi nserukiragihugu umumenyereza sangwa arashima ko hari vyinshi bimaze gukemurwa ati buhoro buhoro n'ibindi bizokunda,
ariko akora ukwo ashobora kugira agwize abakunzi b'intamba ,kandi ashikane umurwi nserukira gihugu mubihugu bimeze neza ,murukino rw'umupira wamaguru.
1)Mbega n'ikihe ciyumviro mwoshikiriza umumenyereza w'umurwi Nserukiragihugu kugira habeho icizere c'uko dushobora kwitaba inkino za CAN 2027 narirya ariyo ntumberoyiwe yamber?
2)Abakinyi nserukiragihugu bakina mumahanga mbega uburyo batumirwamwo burabereye kugira bifashe kwubaka umuriukomeye?
3)Umurwi nserukiragihugu urashigikiwe cane haba muburyo canke mugushigikirwa (abakunzi)kuburyo wokora ikintu uzi ko hariho abantu isinzi barindiriye umusaruro?
4)hokorwa iki ngo ibibazo umukinyi agira ariko aserukira igihugu bikemurwe?
5)Mbega Championna yacu Primus League irateguwe neza canke irashigikiwe kuburyo hovamwo icizere co kuronka abakinyi beza bashobora kuza gufasha umurwi nserukira gihugu?
6)Umurwi nserukiragihugu mbega uwuha amahirwe angana gute kuri Cote d'ivoire
Iciyumviro cawe muri Commentaire hepfo...