Muri SOSUMO ngo ntibatahura igituma isukari idashikira abenegihugu kandi buri ndwi hama hasohowe amatoni yagenewe buri ntara.

   Gushika ubu ama stocks yabo yaruzuye gushika hejuru, ikibazo bafise ahubwo akaba ari kubura aho bayibika.
====================
Kuri uyu wa kabiri, Akeza.net yaragendeye Ihinguriro SOSUMO rihingura isukari hariya i Gihofi, Komine Bukemba, mu ntara ya Rutana.

Intumbero kwari ukugira twirabire uko iryo hinguriro rikora, umwimbu baronka, n’ingorane bahura nazo mu bijanye no guhingura isukari.

Tuhashitse twasanze isukari yuzuye muri Stocks zaho, aho mbere muri Stock imwe ijamwo amatoni 5000, abakozi bariko baragerageza kuyisanya barabe ko hojamwo iyirenze aho gato.
Bamwe mu barongoye abandi muriryo hinguriro , batumenyesheje ko kugeza ubu ama stocks yo mw’ihinguriro yuzuye, baca baja kuyibika no mu yandi ma “hangars” yo hanze y’ikigo.

Umuyobozi Jean Claude NTWARI, ajejwe ivy’uburimyi muriryo hinguriro agira ati: « Twibaza ko ikibazo c’isukari gipfira mw’itangwa ryayo, yamaze gushika mu ntara. Kuko murabona ko ama stocks yacu yuzuye. Aha mbere no muma stocks yacu yo mu ntara za Ngozi , Gitega na Bujumbura usanga bimeze uku. Murabona kandi ko musanze n’iyindi tuguma duhingura. SOSUMO ntiyokwimana isukari kandi ariyo iyibeshejeho. SOSUMO itayisohoye ngo ironke amafaranga ibikorwa vyoca bihagarara Kuko ntahandi ikura uburyo bwo gukoresha. Isekeza ryo kwimbura turimwo ryatanguye kw’igenekerezo rya 18/6/ 2024, kandi rirabandanya. SOSUMO ikaba igeze ku matoni 17.617 y’isukari ».

Inkuru yanditswe kurubuga rwa Akeza net
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty