🎙️
👆🏾 Ako kamo, umukuru w'inama nkenguzamateka yasavye umushikiranganji w'ubutungane ko yokamushikiririza bashasha bari bemejwe mu nama nkenguzamateka, bagiye kurongora abandi mu gisata c'ubutungane. Hari mw'isasa ry'ejo hahise, itariki 11 Munyonyo 2024, i Gitega. Akabamenyesha ko ico bipfuza ni kuba Abarundi bakorera Uburundi n'Abarundi benewabo
📍 Akandi kabazo kamuteye amakenga ni ikibanza c'abatwa. Yabajije umushikiranganji w'ubutungane ati : "Mu butungane mwoba mwarabuze na kamwe mwoduza k'ikinege basi ? Canke ngira ntibariga ? "
👥 Muri abo yerekezako ubutumwa bwo kudakora ivyo abo basubiriye bahora bakora, harimwo Gamaliel Nkurunziza agiye gusubirira Emmanuel Gateretse mu kibanza c'uwurongoye sentare ntahinyuzwa. Uwo yari yagenywe mu 2019
👉🏾 Abandi inama nkenguzamateke yemeje ni abarongoye sentare nkuru mu ntara za Bubanza, Karusi, Kayanza, Muyinga, Mwaro, Ntahangwa, Ruyigi, Kirundo na Gitega. Uwo musi nyene yaremeje abashikirizamanza ba repuburika mu ntara za Rumonge, Mukaza, Muha, Muyinga, Rutana na Makamba.
❔Ni akahe karusho mwiteze kuri izo ndongozi nshasha ?
#ubutungane
Inkuru twakuye kurubuga rwa YAGA