Saido Ntibazonkiza na SIMBA Sports CLUB yo muri #Tanzania vyarangiye

❌⚽ Ivya Saido Ntibazonkiza na SIMBA Sports CLUB yo muri #Tanzania vyarangiye
-----------------------
📌 Umugwi wa Simba Sports Club ubicishije ku mbuga hwaniro zayo bahejeje kumenyesha ko bavavanuye na Saidi Ntibazonkiza yaramaze imyaka 2 awukinira

👌 Uyo mukinyi w'Umurundi yashitse muri uyo mugwi amaze guca mu mugwi w'umukeba wa Young African Club #Yanga na #GeitaGold yamazemwo amezi 4 gusa

🥇Muri Simba yawinjirije ibitsindo atari bike mbere mu mwaka w'inkino wa 2022 ushira uwa 2023 yatowemwo nk'umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw'ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzaniya

👴🏼Naho afise imyaka 37, uyo mukinyi aracafise isoko kuko imwe mu migwi yo mu Rwanda iriko iramwipfuza, mbere hakaba n'iyindi yo mu bihugu vya barabu yagaragaje ko hamwe yovyipfuza yomwakira

🤔 Musomyi, ubona ubu yoja gukina mu kihe gihugu ? 

#Uburundi #Inkino
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty