"Ruto must go" Ruto ategerezwa kuvahoImyiyerekano irabandanya muri kenya

"Ruto must go" Ruto ategerezwa kuvaho

Imyiyerekano irabandanya muri kenya inyuma yaho umukuru w'igihugu William Ruto atangarije ko ahevye gusinya kw'itegeko rigenga amafranga Leta yokoresheje muri 2024-2025,ubu naho urwaruka rwabandanije imyiyerekano aho basaba prezida William Ruto gutanga imihoho akava kubutegetsi kuko gutwara vyamunaniye

Kumusi w'ejo urwaruka rwari rwatangaje ko ruryuka kukirimba c'umukuru w'igihugu"state house"mumyiyerekano yo gusaba ruto atange imihoho mbere yari yahawe amasaha 48 kuba yatanze imihoho.

Ibimodoka vy'igipolisi n'aba polisi benshi buzuye mumabarabara agana ku kirimba c'umukuru w'igihugu.abari mu myiyerekano baririmba bavuga bati"Ruto must go"Ruto ategerezwa kuva kubutegetsi.
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty