🙊 #Ngozi: yirukanye umukenyezi wiwe amuhora ko asanze igihimba c'irondoka kibobereye

🙊 Ngozi: yirukanye umukenyezi wiwe amuhora ko asanze igihimba c'irondoka kibobereye
-------------------
🌚 Ni muri karitiye ya #Kigarama mu gisagara ca Ngozi. Umugabo asanzwe yarabanye neza n'umukenyezi wiwe akaba yaramuhaye umutahe wo kudandaza ivya butike umunsi uraho (mu ntango z'ukwezi kwa 6) uwo mugaba yatahanye igisharara kidasanzwe. Ashitse mu bikorwa vyo kurangura amabanga yabubatse aca asanga igihimba c'umukenyezi wiwe kibomvye cane

😡 Hadutse amatati umugabo yagiriza umukenyezi wiwe ko yoba yarenze ibigo akaba ariyo mpamvu igihimba kibobereye cane

🙅🏾‍♀️ Umugabo yahavuye yirukana umukenyezi amuhora ico conyene. Ababanyi n'abandi bumvise iyo nkuru baramamye biba ivy'ubusa, n'ubu umukenyezi ntarasubira mu rugo rwiwe. Umuremeshakiyago aba hafi y'uwo muryango aremeza ayo makuru, akongera ko ata ngeso zo kuja mu bandi bagabo uwo mukenyezi yarazwiko

💦 Umwe mu bakenyezi bakuze kandi bubatse akemeza ko nivyaba vyashitse uwo mukenyezi agahorwa ububobere yazize ubusa, kuko mu biriringo umukenyezi acamwo mu kwezi hagera igihe akagira ububobere bwinshi mugihimba c'irondoka bigashika hamwe hamwe ko nagahuzu ko munsi gatota

🤔 Musomyi, mubona uyu mugabo ari mu kuri canke yararenganije umukenyezi wiwe ?

#Uburundi
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty