---------------------------
🎙Kubwa Nduwimana Désiré umuvugizi w'igiporisi abantu na cane cane imiyabaga, bihereza ibiyayuramutwe ku mpamvu zitandukanye: "hari ababa bashaka guhonja bagaca batwarwa, agakuku k'amarigara, abatagira gihanura, abashaka kwiyibagiza ingorane, abashaka bibatimbishe kugira ngo bibashoboze gukora ivyo batoshoboye n'ibindi..."
☝🏾Ivyo yashikirijwe kuri uyu wa 26 Ruheshi 2024 mu nyubakwa za Yezu Mwiza Burundi, aho amashirahamwe 4 ari yo Médécins du Monde, Associations Burundaise pour un Monde de Paix sans Drogues (ABMPD), Yezu Mwiza Burundi na Burundi Association of People who used Drugs (BAPUD), yari aramutse ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikorwa, ikwiragizwa n'ikoreshwa ry'ibiyayuramutwe, afadikanije n'inzego z'umutekano, ku civugo "Gushigikira no kudahana abari mu nzira nziza yo guheba ibiyayuramutwe "
❌️ Naho ababifata bibaza ko bibagirira neza, Havyarimana Valentin arongoye ABMPD, rimwe mu mashirahamwe ahurikiyemwo abahora bavyihereza babihevye, arabibeshuza. "Abihereje ibiyayuramutwe bibacurika ubwenge, bigatangura kubakoresha amabi batokoze nko kwiba, kwica, gufata ku nguvu, bagasubira inyuma mu bumenyi bwo mw'ishure n'ibindi." Yongeye avuga ko bigira ingaruka mbi ku magara yabo yo mu mutwe no ku mibiri yabo kuko ubasangana ibikomere vy'inshinge bicumita, bakanduzanya n'umugera wa Sida bivuye ku rushinge usanga rwakoreshejwe n'abantu benshi
😒 Avuga kandi ko ari uruhombo ku gihugu kuko gikoresha amafaranga menshi mu giporisi kijejwe kurwanya abakora, abanywa n'abadandaza ibiyayuramutwe no mu kugura imiti yo kuvura abo vyasinzikaje, maze Abarundi tukaba turiko dusesaguza igihugu kandi amafaranga yokoze ibindi
✍🏾 Ayo mashirahamwe yiyemeje kubandanya guhimiriza ababinywa kubiheba mu kubigisha ingaruka mbi ziri mu kuvyihereza n'uruhombo abavyihereza bafise na cane cane mw'iterambere ryabo, iry'imiryango yabo n'iry'igihugu cabibarutse, bemeza ko baronse umuti witwa "Metadone" uzofasha kwica inyota y'ikiyayuramutwe citwa "Héroïne" abashaka kugiheba, bakaba bagiye guhera kuvura abantu 150, abandi bakazoshikirwa mu nyuma
🚓 Nayo inzego z'umutekano zo ziyemeje kubirwanya zivuye inyuma nkuko zabishikirije: "Turiko turamenyereza imbwa zizodufasha kumenya ahari ibiyayuramutwe." Hambavu y'ivyo, basaba abenegihugu gutunga agatoki uwubidandaza canke uwuvyinjiza mu gihugu kugira ngo atuzwe kuko ari we mwansi wa mbere w'iterambere
🤗 Nkintererano, hakorwe iki mu gutuza ibiyayuramutwe?
#Uburundi