Umukinyi uturuka mugihugu ca Congo Héritier Luvumbu akina muri Rayon Sport yahagaritswe inkino amezi agera kuri 6 ,kubera ikimenyetso yerekanye Atsinze igitsindo,cama cerekanwa n'abakinyi ba Congo mu mvo zo kwiyamiriza imirwano iriko ibera muri Congo kandi yagirizwa Igihugu c'Urwanda Ibicishije Mumuhari urwanya Reta ya Congo M23.
Amasezerano yarafitaniye nuyo murwi yaciye ahagirikwa,kuko yagirijwe kutitwara neza Mumurwi
Ferwafa yibukije ko ibimenyetso vya politike bihushanye n'amategeko nshingiro n'ay'iyinyifato ya FERWAFA, CAF na FIFA.
Mu rukino rwo mw'ihiganwa rya Primus National League ruheruka rwahuza ikipe ya Rayon Sports FC na FC Police, uwo mukinyi yamuka mu gihugu ca Congo, yakoze ikimenyetso gifatwa nk'ica politike nyuma yo kwinjiza igitsindo.
biranurwa ko ashobora no guhagarikwa kuko yarenze kumabwirizwa agenga inkino.
mbega abakinyi bararekuriwe kwerekana ibimenyetso ivyarivyo vyose mugihe batsinze igitsindo,ivyo siryambere twarabibonye aho abakinyi benshi biburayi nahandi bagiye bahabwa ibihano bivanye nibimenyetso berekanye batsinze,ariko ibihano navyo ntawuzi ko mumategeko mpuzamahanga mumupira yoba arekura ko umukinyi yohabwa igihano kirenze ukwo,kuko bisa nuko bashizemwo ishavu ryinshi.reka turindire imbere turabe
AB Sport