Ibinyamakuru vy'Ubufaransa vyahagurukiye gutyoza Vinicius Junior nkakazi, kubera Mbappe

Kuva aho Vinicius yimiwe umupira winzahabu (ballon d'or),bivuye nyene kw'ishirahamwe ry'abafaransa (France Football),bikazana impari nyinshi kuburyo bituma nabamwe mubakuru muvyinkino,nabahoze ari abakinyi rurangiranwa ,babona ko habaye ivangura rukoba.
Ibinyamakuru vyinshi bitangaza inkino mu bufaransa yaba ibikorera kumbuga, iyo biriko bivuga Vinicius Junior ngo bikoresha imvugo atari nziza, kuko mumajambo menshi akoreshwa ari ayerekana ko Vinicius atandero agira canke Yasubiye inyuma.
Muri bimwe vyashizwe imbere vyerekana ko imisi yose bavuze Vini bahereza mukwerekana Kylian Mbappé ko ariwe mukinyi,afitiwe icizere kurusha Vini.
Nubwo biruko mubakinyi bumupira aribo twita bamyugariro ngo Baragerageza ingene bakoresha amakosa Vinicius kuko bazi ashavura ningoga ngo kuko ariwe mukinyi ateye ubwoba, bigoye gucunga bivanye nubukerebutsi bwiye,ngo iyo afashe umupira yiyumvira ibitsindo no gutanga imipira,irondera ibitsindo.

Ariko nkuko bamwe mubamukurikirana babivuga,ngo Vinicius Junior amaze guhura n'ihahamuka cane bivanye nukuntu yaciye mubihe bigoye na cane cane kukibazo Civangura rukoba,kuko vyatanguye,kumushukira agishika muri Espagne mbere nabakinyi ngo baramaze kumutera ikibazo .

Ivyo rero bigatuma ahari hose abona ko arenganywa.mubintu vyose 
Ibinyamakuru vy'Ubufaransa ngo ntayindi ntego bifise atari kumutemvya bikaguma abakinyi babo mukibanza cambere, kuko aribo ngo bashirwa imbere caane.
Siryambere bibaye, ibinyamakuru vy'Ubufaransa biratungwa urutoke mugutyoza cane abakinyi baturuka mugihugu ca Brazil,bikagirizwa cane nivangura cane.

Kurikirana ibinyamakuru vy'Ubufaransa vyinkino usome inkuru za Vini muzovyibonera
#Vinijunior
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty