Umuriro wadutse aho bita kwa ADAMS muri asiatique mugisagara ca Bujumbura amarira nimenshi


Inyubakwa y’ubudandaji iri mu gisagara ca Bujumbura, izwi kw’izina rya ADAMS Trading muri Quartier Asiatique, yafashwe n’umuriro muri irijoro.

Uwo muriro wadutse mu masaha ya satatu n’igice z’ijoro (21h30), ariko gushika ubu ntawuzi icawuteye.

Igiporisi kijejwe gukinga impanuka (Protection Civile) carashitse aho vyabereye. Bariko baragerageza kuzimya uwo muriro bakoresheje imiduga itera amazi.
Amarira akaba yari menshi kubashoboye kuhaburira ibintu narirya yari inyubakwa irangurirwamwo imirimo myinshi y'ubudandaji.

Turabandanya gukurikirana ivy’iyo nkuru, tukazobamenyesha ibiriko birabera mu masaha ari imbere.


---

Ntimucike intege mukurikirana amakuru yacu mashasha.


Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty