🔴Nta kigongwe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu butanga, gisabwa ubushikiranganji bw'ubutungane.


 Tuzorenganura uwuzoba yarenganijwe.
Bishikirizwa na Martin Niteretse, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati n'umutekano kuri uyu wa 18 Kigarama 2024. Hari mu nama yahuje Umushikiranganji w'umutekano, uw'ubutungane hamwe n'uw'ikigega ca Reta, aho yasigura ko icatumye inama ikorana ari uko hari abigize akagarama ruganda mu kwiba ubutunzi bw'abenegihugu.

Umushikiranganji w'ubutungane, Domine #Banyankimbona avuga ko kuba hari abafise ubutunzi bw'igihugu, abanyonyeza itunga ry'igihugu kandi abajejwe umutekano, ubutungane n'abajejwe kwegeranya ubwo butunzi bahari ari ugusuzugura inzego.
Yamenyesheje ko idosiye yose izokwakirwa ari iyo kugaruza ubutunzi bw'igihugu izokorerwako kandi vyihuse.


Nestor #Ntahontuye, Umushikiranganji w'ikigega ca Reta avuga ko ubutunzi nyezina buboneka ari uko ubushikiranganji bwose bukoreye hamwe. Agira ati: "Ntivyokwumvikana ingene umuntu atoza amahera abenegihugu akayashira mu mufuko wiwe kandi yategetezwa kuja muri #Reta hama agasubira kwa wa mwenegihugu."

Yongeye agira ati: "Turi ng'aha kubera ari abenegihugu bahadushize, dutegerezwa kuba abasuku babo."

Abo bubahwa bakaba bahawe ikaze n'umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Jimmy #Hatungimana.

Tubibutse ko mu mubonano umukuru w'igihugu yahaye urwego nyobozi rw'ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi #OBR, vyagaragaye ko hariho abanse kuriha amakori n'amatagisi bitwaje igikenye.

Twokwitega impinduka yihe mu gukorana kw'izo nzego zitandukanye?

Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty