Inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Bachar al-Assad yahora ari umukuru w’igihugu ca Siriya agasho gateye agahinda kari ahitwa Saydnaya karuguruwe n’atembagaje ubutegetsi. Ubuzima basanze abapfungwa babayemwo buteye agahinda.
Aka gasho katazirwa “amacuniro y’abantu” nk’uko tubisoma mu kinyamakuru Franceinfo. Itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Bachar al-Assad rya baye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 8 Kigarama 2024 aho uwo mukuru w’igihugu yari yaranse kurekura ubutegetsi agatoteza n’abo bose batumva ubukuru bwiwe. Uwu yahavuye aca ahungira mu gihigu c’Uburusiya we n’umuryango wiwe wose nk’uko vyemejwe n’umwe mubategetsi bakomeye bo mugihugu c’Uburusiya tukabisoma mu kinyamakuru BFMtv.
Tubamenyeshe turengana ko abaroberi bari bamaze imyaka irenga cumi bahangana na Leta ya Bachar al-Assad ariko bidakunda, ariko ku bw’iki kinyamakuru bakaba bari barashinze iyindi Leta yo kuruhande bari bayise “Ubutegetsi buzanye Urukiza” (Gouvernement de Salut). Ubu Aba bakaba bamaaze gushing Leta mfatakibanza muri iki gihugu ikaba irongowe na Mohammed al-Bashir.
Muri iki kiringo c'intwaro ya Bachar al-Assad, imiryango myishi yarambuwe abana baja gupfungwa.Ni kuva inyuma y'umwaka 2011 aho haba imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ubutegetsi, nabwo bigakoresha inguvu zishoboka kugira bucuvye iyo migumuko.
Ubu benshi ntibazi ko ababo bariho canke bapfuye. Kuva kuri uyu w’Imana abanyesiriya banshi baguma bagenda kuraba ko ababo bobabona muri ako gasho kari ku birometero 30 uva ku murwa mukuru Damasi. Ubu butegetsi nta kigongwe kandi ntibwihanganira na gato abatabwumva.
Umunyagihugu umwe yavuganye agahinda ko mwenewabo yapfunzwe mu mwaka w’2011 kandi kuva ubwo ata nkuru yiwe basubiriye kumenya, ntibaziko yoba akiriho canke yoba yarapfuye.
Abavanywe muri ako gasho ngo hariho n’ababa baribagiye amazina yabo, baba barakubaguwe bimwe biteye ubwoba, bafise ibikomere umubiri wose . Mu bitaro vy’i Al-Nafis biri mu buraruko bwa Damas, niho abenshi baba barokotse aya makuba baja kuvurirwa, aha imiryango iraza kuraba mu bitanda vy’abarwaye no mu buruhukiro ko atababo bariyo.
Umuganga umwe yavuze ariko aravura umugabo yakubaguwe biteye isoni ati : “Ntacibuka n’izina ryiwe iyo umuntu amubajije ibintu agumaagangabuka.”
Ubu abanyesiriya batari bake bariruhutsa, kuko bamwe bashoboye kubona ababo hari haciye imyaka irenga 10 batazi n’iyambu ryabo. Umuvyeyi umwe yavuze ati: “Hari haciye imyaka 12 ntabona umuhungu wanje Fadi. Imana irakavumwa abo babisha. Naragiye hose mbaza amakuru y’umuhungu wanje, naratanze amahera kugira bamurekure ariko bagumye bandaba irarirari iki kiringo cose. Kandi ga sindi jenyene. Ndafise n’umubanyi wanje afise abana batanu bari bavundiye mugasho.