2024 Ngo wabaye umwaka w'impfu nyinshi kubaharanira agateka kazinamuntu kuva ibihe vyakabaho

Ibiro bijejwe gutunganya ibikorwa vy'amashirahamwe aharanira agateka kazinamuntu (OCHA) muri ONU vyatangaje ko umwaka 2024 wabaye umwaka w'impfu nyinshi kubaharanira agateka kazinamuntu.aho bashoboye kwandika impfu zigera ku 281 kuva mukwezi kwambere, abo nabashiboye kumenyekana mugihe mumwaka uheze wa 2023 yashoboye kwandika impfu 280.

Igitigiri kinini cizo mpfu catewe n'indyane zintambara ziri kumugabane wa Aziya, n'a cane cane i GAZA ,aho hafi abakozi bagateka kazinamuntu 320 bashoboye kuhasiga ubuzima.
Benshi bakahasiga ubuzima mugihe baba bari muri misiyo yakazi.
ONU Irasaba ko hobaho gukingira abajejwe agateka kazinamuntu muri Soudan, GAZA,na Ukraine ,bakareka kugirirwa ihohoterwa mugihe baba bariko barafasha.
Raporo ifatiye ku bitangwa na l’Aid Worker Security Database,bivugako 268 bari abakozi bakomoka murivyo bihugu .
#GAZA
#HUMMANITAIRE


Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty