Umugwi w'abarwizatunga bakomeye barungitswe n'umwami wa Qatar bumvikanye n'umukuru w'igihugu c'uburundi

Umugwi w'abarwizatunga bakomeye barungitswe n'umwami wa Qatar bumvikanye n'umukuru w'igihugu c'uburundi ko bagiye kuzana imitahe yabo mu Burundi mu bisata bitandukanye harimwo kwubaka, ubutare, amabanki, ubukerarugendo, uburimyi n'ibindi.

Abo barwizatunga bo mu mugwi mpuzamashirahamwe Al Mansour Holding wo muri Qatar bakaba bari barongowe n'umuganwa Sheikh Mansour Bin Jabor Bin Jassim Al Thani.
Uburundi ni co muri Afurika uyo muganwa wo mu muryango w'i bwami muri #Qatar agizemwo urugendo ku mugabane wa #Afrika, mu bihugu bishika cumi yateguye kugendera.
Uwo mugwi mpuzamashirahamwe; Al Mansour Holding ishigikiwe n'ikigega c'imitahe c'ubwami bwa #Qatar, gipima miriyaridi 450 z'amadorari y'abanyamerik zirenga.
Rosine Gatoni avugira umukuru w'igihugu akaba yavuze ko basanze mu Burundi hari ibisata vyinshi bazoshiramwo imitahe kandi abashikiranganji n'abahinga batandukanye bariko barategura amasezerano kugira ibikorwa bitangure.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru; inyuma y'umubonano bagiraniye n'umukuru w'igihugu kuri uyu wa 16 Myandagaro 2025 Rosine G. akaba yavuze ko uwo muganwa yashimye gutangurira mu Burundi kuko afise iki gihugu ku mutima.
 #Burundi
Plus récente Plus ancienne

Fashion & Beauty